Cibitoke, Uburundi – Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, umusirikare w’umunyabwenge n’intwari yamenyekanye ku rwego rw’igihugu no ku rwego mpuzamahanga, ni umwe mu bagize uruhare rukomeye mu guteza imbere amahoro, umutekano n’ubwiyunge mu Burundi no mu karere.
AMATEKA YE
Silas Ntigurirwa yavukiye muri Komine Mugwi, Intara ya Cibitoke, ku itariki ya 12 Kigarama 1968. Yatangiye amashuri ye muri Lycée Cibitoke (ex-EFI), mbere yo gukomereza mu Rwanda, aho yahawe Diplôme des humanités générales.
Mu gihe c’imyaka ya 2008–2011, yize mu gisata c’amategeko muri Université Espoir d’Afrique. Yongeye gukomeza inyigisho mu bijanye n’umutekano n’intambara muri National Defence College yo muri Kenya (2011–2012), aho yaronse Certificate in Grand Strategy. Yanditse igitabo kivuga kuri Post-conflict security sector reform in Africa: Case Study Burundi.
Urugendo rwiwe mu Gisirikare
Mu mwaka wa 1994, yinjiye mu mugwi wa CNDD-FDD, aho yagiye mu nzego zo hejuru z’ubuyobozi bw’igisirikare.
- 2000–2003: Yabaye umukuru wa komisiyo y’umutekano n’ingabo mu biganiro byo guhagarika intambara hagati ya Reta n’umuhari CNDD-FDD.
- 2003–2004: Yabaye Coordinateur adjoint w’igisirikare, ashinzwe kwinjiza abasirikare bavuye mu muhari CNDD-FDD mu gisirikare ca Reta.
- 2004–2012: Yabaye Directeur Général des Ressources Humaines mu bushikiranganji bw’ingabo, mbere yo kugirwa Secrétaire Permanent muri ubwo bushikiranganji. Ubuyobozi muri AMISOM – Intwari mu rugamba rwo kugarura amahoro muri Somalia
Mu 2013–2014, Lt. Général Silas Ntigurirwa yagizwe Commandant en Chef wa AMISOM (African Union Mission in Somalia), aba Umunyafurika wa mbere atari Umunya-Uganda kuyobora iyo misiyo kuva yashingwa mu 2007.
Mu gihe c’ubuyobozi bwiwe, yatsinze ibitero bikomeye birimo kwigarurira ibisagara 26 byari byarafashwe na Al-Shabaab, harimo Baraawe, biciye mu bikorwa bya Operation Indian Ocean.
Ibikorwa byiwe mu Burundi nyuma ya AMISOM
Mu mwaka wa 2015, yagizwe Directeur Général de l’Institut National de Sécurité Sociale (INSS) n’itegeko ry’umukuru w’igihugu. Ariko muri uwo mwaka nyene, yaje gushinjwa kugira uruhara mu igeragezwa ryo guhirika ubutegetsi ryo ku wa 13 Rusama 2015, ariko yarabihakanye, ndetse nta bimenyetso bifatika byigeze bitangwa ku mugaragaro.
Ibikorwa vyiwe mu kugarura umutekano, guhagarika intambara, no guteza imbere inzego z’umutekano, byamugize intwari mu Burundi no muri Somalia, aho yakiriwe n’icyubahiro gikomeye nk’umusirikare ubereye u Burundi n’Afurika.
Silas Ntigurirwa, intwari z’Uburundi, AMISOM, igisirikare c’Uburundi, CNDD-FDD, umutekano muri Somalia, ibikorwa bya AMISOM, Operation Indian Ocean, amateka y’Uburundi, abarundi b’ibirangirire.
0 Comments
Ibihe byiza! Tanga ibitekerezo byawe ku nkuru